Deprecated: The each() function is deprecated. This message will be suppressed on further calls in /home/zhenxiangba/zhenxiangba.com/public_html/phproxy-improved-master/index.php on line 456 ‘Amategeko agomba gukurikizwa’ - Umwami w’Ubwongereza ku ifungwa rya murumuna we Andrew - BBC News Gahuza
Bernard Bankukira, Didier Bikorimana, Samba Cyuzuzo na Dinah Gahamanyi
Reba: Ubwo Imodoka zageraga muri Sandringham Estate muri Norfolk aho Andrew Mountbatten-Windsor yari atuye
Insiguro ya video, Amamodoka ageze Sandringham Estate, Norfolk
Mu gitondo cya kare, imodoka za polisi zidafite ikimenyetso zageze muri Sandringham Estate muri Norfolk, aho Andrew Mountbatten-Windsor yari atuye. Andrew Mountbatten-Windsor yatawe muri yombi afungwa n’igipolisi cy’Ubwongereza akekwaho gukoresha nabi ububasha afite.
Yatawe muri yombi na Polisi ya Thames Valley - ariko nubwo tuzi ko barimo gukora ubushakashatsi muri Norfolk na Berkshire, ntabwo tuzi aho Andrew yafatiwe.
‘Amategeko agomba gukurikizwa’ - Umwami w’Ubwongereza ku ifungwa rya murumuna we Andrew
Ahavuye isanamu, g
Insiguro y'isanamu, Andrew Mountbatten-Windsor na mukuru we Umwami Charles III w’Ubwongereza bari kumwe i Londres muri Nzeri(9) 2025
Andrew
Mountbatten-Windsor yatawe muri yombi afungwa n’igipolisi cy’Ubwongereza
akekwaho gukoresha nabi ububasha, mukuru we Umwami Charles yavuze ko “yamenye
kandi yitaye cyane” ku ifatwa rya Andrew, yongeraho ati “amategeko agomba gukurikizwa”.
Ifatwa ry’uyu
mugabo wahoze ari igikomangoma ryahuriranye n’umunsi w’isabukuru ye y’imyaka 66,
kandi rije nyuma y’uko polisi ivuze ko yariho iperereza ku birego ko yaba
yarahaye amakuru y’ibanga Jeffrey Epstein.
Epstein ni umunyamerika
wapfiriye muri gereza wari warahamijwe ibyaha byo gucuruza abagore n’abakobwa
mu bikorwa by’imibonano mpuzabitsina.
Andrew Mountbatten yahakanye ko hari ikibi cyakoze mu bigendanye n’inyandiko
zasohotse ku bakoranye na Epstein.
Umwami Charles w’Ubwongereza cyangwa ingoro ye Buckingham Palace ntabwo
bamenyeshejwe mbere yo gutabwa muri yombi kwa Andrew nk’uko amakuru agera kuri
BBC abyemeza.
Byitezwe ko Andrew ashobora gufungwa mu gihe cy’amasaha hagati ya
12 na 96, akabazwa mbere yo kurekurwa by’agateganyo, cyangwa se kuregerwa
urukiko.
Umwaka ushize, uyu Andrew wahoze ari igikomangoma yambuwe icyo
cyubahiro, avanwa mu nyubako y’abaragwa b’ingoma kandi yamburwa impeta ze zose
za gisirikare bikozwe na mukuru we Umwami Charles.
Ni nyuma y’iperereza ry’igihe kirekire ryemeje ko Andrew yari
afitanye ubucuti bwihariye na Jeffrey Esptein kandi bashobora kuba barakoranye
ibikorwa bimwe Epstein yahamijwe. Andrew yavuze ko nta kibi yakoranye na
Epstein.
Andrew ni umuhungu wa kabiri muri batatu, hamwe n’umukobwa umwe, b’Umwamikazi
Elizabeth II n’igikomangoma Philip.
Uwari Perezida wa Korea y'Epfo yaciriwe umunyororo w'ubuzima bwose
Insiguro y'isanamu, Yoon Suk Yeol yatawe muri yompi muri Nzero (1) mu 2025, maze aba umukuru w’igihugu wa mbere wa Korea y’Epfo apfunzwe ari ku butegetsi
Yoon Suk Yeol yahoze ari umukuru w’igihugu ca Korea y’Epfo
yaciriwe umunyororo w’ubuzima bwose inyuma yo kwagirwa n’icaha co gutegura
imigumuko, no gukoresha nabi ubutegetsi.
Ni mu gihe umukuru w’umugambwe Democratic Party (DP) uri ku butegetsi avuga ko kubona sentare itamuciriye igihano co kunyongwa ari agasuzuguro
ku butungane.
Abashikirizamanza bari basabiye Yoon igihano co kunyongwa,
bavuga ko ikiri musi y’iki kitoshobora gutanga ubutumwa bukwiye ku muntu
wese yorondera kuzana igisa n’ubutegetsi bwa gisirikare muri kazoza.
Jung Chung-rae arongoye umugambwe DP avuga ko iki cemezo “gitesha
agaciro ubutungane”.
Muri Kigarama (12) umwaka wa 2024, Yoon yarabogojwe n’abashingamateka
yagirijwe gushora iki gihugu co muri Aziya y’ubuseruko mu ntureka za poritike,
inyuma yo gutangaza amategeko yo mu ntambara yamaze igihe gito.
Yagiye gutabwa muri yompi muri Nzero (1) umwaka uheze wa
2025, maze aba umukuru w’igihugu wa mbere wa Korea y’Epfo apfunzwe ari ku
butegetsi.
Reta ya Guinée-Bissau imenyesha ko yahagaritse igerageza
ry’urucanco ryahabwa uburyo na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ryari rigamije kwiga
ku ngaruka z’urucanco rw’ingwara y’igitigu, hépatite B, harimwo n’uko rwoba
rufitaniye isano n’indwara ya 'autism'.
Iki gihugu co muri Afrika y’uburengero ni kimwe mu bihugu
bifise abantu benshi barwara hépatite B. Ubu bushakashasti bwateje induru mu
bahinga n’amashirahamwe mpuzamakungu ajejwe amagara y’abantu, kubera inusu y’abana
bavuka bariko bageragerezwako uru rucanco ari bo bonyene boruhabwa bakivuka.
Umukuru w’ishami rya ONU rijejwe amagara y’abantu kw’isi
OMS/WHO, Tedros Ghebreyesus, avuga ko bitabereye.
Mu kwezi guheze, Guinée-Bissau yarahagaritse igerageza ry’uru
rucanco mu kurindira ko habanza kuba umwihwezo.
Abarunegura bari bavuze ko rwariko
rukoreshwa mu ntumbero yo guhinyuza nimba rufitaniye isano n’iyi ndwara ya autism
(ubudasa bw'ingene ubwonko bukora), ibintu vyari bimaze igihe kirekire bivugwa
n’umushikiranganji wa Amerika ajejwe amagara y’abantu, Robert F. Kennedy Jr,
ariko bikabeshuzwa n’abahinga mu vya siyansi.
Abaterekwa iri geragezwa ntibabona ryiza igituma abana b'iki gihugu co muri Afrika ari bo bahiswemwo kugeragerezako uru rucanco.
Mu kwezi guheze, Magda Robalo yahoze ari umushikiranganji w’amagara
y’abantu muri iki gihugu yabwiye ikinyamakuru ca siyansi Nature ati: “Ntawovyihanganira
kandi ntibikwiye kubandanya. Abanya‑Guinea‑Bissau si inyamaswa zo gupimirako.”
Mu kiganiro n’umunyamakuru ku wa kabiri, umushikiranganji wa
Guinée-Bissau ajejwe imigenderanire Joao Bernardo Vieira yavuze ko iri
geragezwa ryahagaritswe, kubera impungenge zashizwe ahabona n’abahinga, co
kimwe n’abakenguzamateka ba Amerika.
Ikigo ca Amerika kijejwe amagara y’abantu, Centers for
Disease Control and Prevention, cari catanze uburenganzira bwo gutanga amafaranga
angana n’imiriyoni 1.6 z’amadorari y’Abanyamerika agenewe iri geragezwa, inyuma
y’uko umushikiranganji Kennedy yanse ivyari vyasabwe n’iki kigo ko uru rucanco
ruhabwa abana bose bakivuka muri Amerika.
Iri geragezwa ryakorwa mu mugambi w’amagara y’abantu uzwi
nka Bandim wo muri Guinée-Bissau usanzwe urangurwa na kaminuza ya Danemark, University
of Southern Denmark.
Ryari rifise intego yo gukoresha abana bakivuka 14.000, mu
ntumbero cane cane yo kubakorerako ubushakashatsi ku “ngaruka zidasanzwe”
zishobora kubaho, nk’indwara z’urukoba n’iz’imitsi, harimwo n’iyi ndwara ya 'autism'.
Amerika igiye gukura ingabo muri Syria mu gihe ubushyamirane na Irani bwiyongereye
Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Perezida w'Amerika Donald Trump yahuye na Perezida wa Syria Ahmed al-Sharaa, muri White House mu Gushyingo (11) mu 2025, ruba uruzinduko rwa mbere nk'urwo mu mateka ya Syria
Amerika irimo
kwitegura gucyura ku bwinshiingabo zari zisigaye muri Syria mu mezi macye ari
imbere, nkuko umutegetsi wo hejuru wo mu biro bya perezida w’Amerika yabibwiye
BBC.
Uwo mutegetsi wo muri
White House yavuze ko leta ya Syria yemeye gufata iya mbere mu kuyobora
ibikorwa byo kurwanya iterabwoba muri icyo gihugu ndetse ko kuhaba kw’ingabo z’Amerika
“ku bwinshi” kutagicyenewe.
Ingabo z’Amerika ziri
muri Syria guhera mu mwaka wa 2015, muri gahunda yo kurwanya iterabwoba ijyanye
no guhangana no kugira ijambo kw’umutwe wiyita Leta ya Kisilamu (IS).
Perezida Donald
Trump arimo kongera ingabo n’ibikoresho mu burasirazuba bwo hagati, mu mwuka wo
kwiyongera kw’ubushyamirane hagati y’Amerika na Irani.
Uwo mutegetsi yavuze ko
icyemezo cyo gucyura abasirikare hafi 1,000 bari basigaye muri Syria kiri mu rwego
rw’inzibacyuho ifite ibyo isaba bibanza kubahirizwa, ndetse ko Amerika
icyiteguye gusubiza ku nkeke izo ari zo zose zavuka muri ako karere.
Uwo mutegetsi avuze
ibi mu gihe Amerika yongereye ingabo mu karere, by’umwihariko hafi ya Irani.
Muri Syria, ingabo z’Amerika
zari zaramaze kuva mu bigo bibirimuri uyu mwaka, ikigo cya gisirikare cya al-Tanf
mu majyepfo ya Syria, no mu kigo cya gisirikare cya al-Shaddadi mu majyaruguru
ashyira uburasirazuba.
Uku kuvanayo ingabo
gukurikiye ihirima ry’ubutegetsi bwa Bashar al-Assad mu
2024, hamwe no gucika intege kw’umutwe wa IS, mu gihe habaye iterambere rikomeye
mu by’umutekano muri Syria.
Kuva icyo gihe, ubutegetsi bwa Trump
bwashatse kongerera imbaraga umubano wa dipolomasi n’ubutegetsi bwa Damascus – umurwa mukuru wa Syria – no kongera
ubufatanye na Perezida wa Syria, Ahmed al-Sharaa.
Sharaa yasuye Trump mu
biro bye White House mu Gushyingo (11) mu mwaka wa 2025, ruba uruzinduko rwa
mbere nk’urwo rwa Perezida wa Syria mu mateka y’icyo gihugu.
Bwa mbere mu myaka igera kuri 60 ishize barimo guhindura amabara ya Air Force One ku busabe bwa Trump
Ahavuye isanamu, US Air Force
Insiguro y'isanamu, Umunyabugeni yerekanye ishusho y'uko Air Force One izaba isa
Indege itwara perezida wa Leta Zunze Ubumwe
za Amerika irimo gusigwa amarangi y’ayandi mabara yatoranyijwe na Donald Trump.
Air Force One hamwe n’izindi ndege zitwara
abategetsi bo hejuru ba Amerika, barimo ‘first-lady’ Melania Trump - zirimo
gusigwa amabara ya zahabu, umutuku, n’ubururu bwa ‘navy blue’.
Izo ndege zirimo guhindurirwa amabara muri
iyi minsi kandi zirimo gukorerwa isuzumwa rya tekinike, nk’uko igisirikare cya
Amerika kirwanira mu kirere (Air Force) cyabitangaje.
Ayo mabara yamaze gushyirwa ku ndege nshya
ya Boeing 747-8i leta ya Qatar yahaye ibiro bya perezida wa Amerika nk’impano,
nk’uko umuvugizi wa Air Force ya Amerika yabitangarije CBS News.
Amabara y’umweru n’ubururu ni yo yakomeje kuranga indege
itwara perezida wa Amerika kuva mu myaka ya 1960, ubwo John F Kennedy yari perezida.
Ubwo yageraga ku butegetsi kuri manda ya mbere, Trump yari
yasabye ko ayo mabara ahindurwa, ariko uwamusimbuye Joe Biden yahise
abihagarika bitarakorwa.
Amabara ubu arimo gushyirwa kuri Air Force
One ni nayo ari ku ndege bwite Trump yagendagamo mu gihe cyo kwiyamamaza mu 2024,
indege bahimbaga ‘Trump Force One’.
Aya mabara Trump yifuje yamaze no gushyirwa ku ndege ya Boeing
C-32 ubu ikoreshwa mu gutwara visi-perezida wa Amerika, iyi ndege yo izwi nka ‘Air
Force Two’.
Ibi bikorwa byo gusiga andi mabara izi ndege, byatangiye
mu mpeshyi ishize ubwo baheraga kuri ya ndege Qatar yahaye perezida wa Amerika
nk’impano izajya ikora nka Air Force One.
Iyo ndege y’agatangaza ifite agaciro ka
miliyoni 400$.
Ubusanzwe,
indege yose itwaye perezida wa Amerika ihita yitwa ‘Air Force One’, uyu agenda
mu ndege yabugenewe iba irimo ibiro byagutse, icyumba cyo kuryamamo cya
perezida, ibikoni bibiri bishobora gutekera abantu 100, n’ahantu ho kuvurirwa,
nk’uko Boeing ibivuga.
Ahavuye isanamu, US Air Force
Insiguro y'isanamu, Kuva mu myaka igera kuri 60 ishize amabara y'indege za Air Force One ntabwo yahindukaga
Vinicius: Mu myaka umunani amaze muri Real Madrid, amaze gukorerwa ivanguraruhu incuro 20
Ahavuye isanamu, Getty Images
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Bulaya,
UEFA, ryatanguye amatohoza inyuma y’uko umusatirizi wa Real Madrid, Vinicius Jr
w’imyaka 25, amenyesheje ko yabwiwe amajambo y’ivangura mu
rukino rwahuje uno murwi na Benfica mw’ijoro ryo ku wa kabiri.
Umuhagarikizi, François Letexier, yarahagaritse uru rukino
rwa ligue des champions mu kiringo c’iminota 10, aho ino mirwi yompi yavuye mu
kibuga inyuma y’akanya gato Vinicius yinjirije umurwi wiwe iki gitsindo kimwe rudende cawuhaye intsinzi.
Bwari bugize incuro igira 20 abwirwa aya majambo y’ivanguraruhu
kuva ashitse muri Real Madrid.
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Instagram, yanditse ati:
"Abakoresha ivanguraruhu, imbere ya vyose, ni abanyabwoba. Bihisha inyuma
y’amajambo y’urwanko mu kwerekana ko ataco bashoboye".
Mu butumwa yacishije ku mbuga hwaniro, Prestianni w’imyaka 20
arahakana ko ata majambo y’ivanguraruhu yabwiye Vinicius. Avuga ko yamwumvise
nabi.
Uno munya-Argentine akina hagati muri Benfica yanditse ati: "Nipfuje
gutomora ko ntigeze ntuka Vini Jr nkoresheje amajambo y’ivanguraruhu, ikibabaje
ni uko yihenze ku vyo yumvise".
Vinicius yashigikiwe cane na bagenziwe bakinana muri Real
Madrid, na cane cane Kylian Mbappé, aho yabwiye ibinyamakuru ko yumvise ijambo
ry’ivanguraruhu ryavuzwe incuro zitanu.
Inyuma y’urwo rukino, umumenyereza wa Benfica, José Mourinho,
wewe yagirije cane Vini ko ari we yatumye ivyabaye vyose biba.
Kumbure ushobora kuba wibaza igituma Vinicius abandanya uru rugamba
rwiwe. Inyishu yarayitanze muri Ruheshi (6) 2024, igihe abamututse ico gihe
bakoresheje amajambo y’ivanguraruhu bakubitwa intahe mu gahanga mu gisagara ca Valencia
bagacirirwa umunyororo.
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa X ico gihe, Vinicius yanditse ati:
"Abantu benshi baransavye ko novyihoza, abandi nabo bakambwira ko ataho nzoshika,
ko ahubwo nkwiye ‘kwikinira umupira’ gusa.
"Ariko nk'uko nama ndabivuga, sindi uwukorerwa
ivanguraruhu. Ndi umuntu
ageramiye abakoresha ivanguraruhu. Iki gihano ca mbere muri kahise ka Espagne kuri ubu bukozi bw’ikibi nticerekeye jewe gusa. Cerekeye abirabure bose".
DR Congo yemereye Amerika ikirombe cya Rubaya, M23 yibaza uko wagurisha 'ikintu utagenzura'
Insiguro y'isanamu, Abakozi ku murimo mu kirombe cya Rubaya (ifoto mbarankuru yo mu 2025)
Leta ya Repubulika
ya Demokarasi ya Congo (DRC) yongeye ikirombe cya coltan cya Rubaya kigenzurwa
n’inyeshyamba za AFC/M23 ku rutonde rugufi
rw’imitungo y’ingenzi cyane irimo guha Amerika mu rwego rw’ubufatanye
bushingiye ku mabuye y’agaciro, nkuko ibiro ntaramakuru Reuters byabitangaje,
bishingiye ku nyandiko ya leta byabonye.
Ikirombe cya Rubaya, kiri muri teritwari ya Masisi mu ntara ya Kivu ya Ruguru, ni kimwe mu bigega bihunitse tantalum nyinshi cyane ku isi ikorwamo ibikoresho byo mu ikoranabuhanga rya elegitoronike.
Reuters
yatangaje ko umutegetsi wo hejuru wo muri DRC n’umudipolomate w’Amerika bemeje
uko kongera ikirombe cya Rubaya kuri urwo rutonde rugufi rwatanzwe mu nama y’Amerika
na DRC yabereye i Washington DC ku itariki ya 5 y’uku kwezi kwa Gashyantare
(2), mu guteza intambwe amasezerano ku mabuye y’agaciro acyenewe cyane muri iki
gihe, yashyizweho umukono mu Kuboza (12) kw’umwaka ushize.
Umukuru wa M23 akaba
n’umuhuzabikorwa wungirije w'ihuriro AFC/M23 yavuze ko leta ya DRC irimo kwishuka ko
ifite “intwaro ikomeye” y’amabuye y’agaciro acyenewe cyane, igamije kuyakoresha
nk’igikangisho ku bihugu bikomeye.
Mu butumwa yatangaje
ku rubuga nkoranyambaga X, Bertrand Bisimwa yagize
ati: “Kugurisha ku mugaragaro ikintu udafite kandi utagenzura ni igerageza
ry’amaburakindi ryo kuramuka [kurokoka].”
Ibi bishyize Rubaya – igenzurwa
n’izi nyeshyamba zivugwa henshi ko zifashwa n’u
Rwanda ariko rwo rukavuga gusa ko rwashyizeho “ingamba z’ubwirinzi” – mu muvuno wa
Kinshasa wo gushaka kwinjiza ishoramari rya Washington mu burasirazuba bwa DRC,
bukize ku mabuye y’agaciro ariko bumaze imyaka mu ntambara.
Ibyo
byatuma Amerika igera kuri tantalum – ikurwa muri coltan – icyenewe cyane muri
iki gihe, ikoreshwa mu bikoresho bigezweho bya elegitoronike nka mudasobwa,
telefone zigendanwa no mu gukora indege.
DRC
igereranya ko ikirombe cya Rubaya gicyeneye amafaranga ari hagati ya miliyoni
50 z’amadolari (arenga miliyari 73 FRW) na miliyoni 150
z’amadolari (arenga miliyari 219 FRW) kugira ngo cyongere gukora mu
buryo bunoze kandi cyongere n’umusaruro wo mu bucuruzi, nkuko iyo nyandiko
isubirwamo na Reuters ibivuga.
Amerika irashaka kugera ku mutungo kamere
unyuranye mu gihe irimo guhangana no kuba Ubushinwa bwagira ijambo rikomeye
muri Afurika, ndetse ikubaka ububiko bw’amabuye y’agaciro acyenewe cyane mu
ikoranabuhanga ryo muri iki gihe.
Bobi Wine yatangaje ko umugore we n’abana bahunze Uganda
Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Bobi Wine n'umugore we Barbie Itungo Kyagulanyi n'abana babo bari i Los Angeles muri Amerika mu 2023
Umukuru w’ishyaka ritavuga rumwe n’ubutegetsi muri Uganda
yatangaje ko “byabaye ngombwa ko umugore we n’abana bahunga igihugu” kubera
ubugizi bwa nabi bakorerwaga n’inzego z’umutekano mu gushakisha uyu mugabo uri
mu bwihisho.
Robert Kyagulanyi uzwi nka Bobi Wine, yatangaje ibi ku wa
gatatu mu ijambo riri mu butumwa bwa video yagejeje ku nama mpuzamahanga ku
burenganzira bwa muntu yaberaga i Geneva mu Busuwisi.
Bobi ni we
wari mucyeba ukomeye wa Museveni mu matora yo mu kwezi gushize, yaje ku mwanya wa kabiri n'amajwi 24% inyuma ya Perezida Museveni
wagize 71%, ariko kuva ibyayavuyemo byatangazwa yahise ajya mu bwihisho
avuga ko inzego z’umutekano zirimo kumuhiga ngo zimufunge.
Mu butumwa yatanze mu nama yaberaga i Geneva, Bobi yasabye ko "isi ifatira ibihano" Perezida Yoweri "Museveni n’umuhungu we" Jenerali Muhoozi Kainerugaba
kubera “ibikorwa bihohotera uburenganzira bwa muntu” ku batavuga rumwe na bo.
Yavuze ko akiri mu bwihisho ahantu atatangaje “atari ku
bushake” ahubwo kubera gutinya kugirirwa nabi. Ati: "Byari ngombwa kugira ngo nkomeze kubaho. No kubasha kubavugisha aka kanya".
Mu butumwa yashyize ku rubuga X, Muhoozi yanditse ko “ikintu
cyiza” ku kuba Bobi Wine ataboneka “ni uko twese twamwibagiwe”, yongeraho ngo “Azagume
i Geneva burundu”.
Muhoozi Kainerugaba, umugaba mukuru w’ingabo za Uganda, yashyize
umuhate mu gushakisha no gufata Bobi Wine ariko kugeza ubu ntiyabigezeho. Kugeza
ubu nta cyemeza ko ari i Geneva, nkuko Muhoozi abivuga.
Bobi yinubira ko abantu bo mu ishyaka rye n’abari hafi ye
bakomeje kugirirwa nabi bamuziza we, kandi akemeza ko n’urugo rwe “ruracyagoswe
n’abasirikare”.
Mu gihe yemeza ko umugore we n’abana – bafitanye bane –
bahunze igihugu, kugeza ubu aho Bobi Wine aherereye ntabwo hazwi, yavuze ko azagaruka mu ruhame "mu gihe gikwiriye".
Vya biganiro vy’amahoro hagati y’Uburusiya na Ukraine vyarangiye ataco bishitseko
Ahavuye isanamu, State Emergency Service of Ukraine/Anadolu via Getty Images
Vya biganiro vy’amahoro hagati y’Uburusiya na Ukraine bihagarariwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyaraye birangiye ata kivuyemwo.
Ku wa kabiri, ari na wo musi vyatangura i Genève mu Buswisi, vyarabandanije gushika mu masaha yitereye, ariko ivy’ejo ku wa gatatu vyovyo vyamaze amasaha abiri gusa.
Nubwo intumwa ya Amerika Steve Witkoff yari yavuze ko yari afise icireze muri ibi biganiro, uwurongoye intumwa z’Uburusiya hamwe na Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine, bompi bavuze ko vyari “ibiganiro bitoroshe”.
Gusa, inyuma y’aho birangiriye, uwari arongoye intumwa z’Uburusiya Vladimir Medinsky yarasubiye aho vyariko birabera, aca agirana umubonano wo mw’ibanga na mugenziwe wa Ukraine mu kiringo c’isaha n’igice. Ivyo baganiriye ntibiramenyekana.
Mu masaha yitereye y’ejo ku wa gatatu, umuvugizi wa Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Amerika) Karoline Leavitt yavuze ko hari “intambwe ifadika” yashitsweko ku mpande zompi, kandi ko “zumvikanye kubandanya gukorera hamwe kugira ngo zishike ku masezerano y’amahoro”.
Ariko, umwumvikano ku kibazo ngorabahizi c’ubutaka – iki kikaba ari co gifise urupfunguruzo rw’amasezerano – uracari kure nk’ukwezi, aho impande zompi zitava kw’izima.
Uburusiya ntiburava ku ntego yabwo yo kurondera ko buhabwa akarere kose ka Donbas ko mu buseruko – kagizwe n’intara za Donetsk na Luhansk – ivyo Ukraine itarota yemera.
Akanya gato imbere y’uko ibi biganiro bitangazwa ko birangiye, Zelensky yagirije Uburusiya “kugerageza gutevya ibiganiro vyategerezwa kuba vyashitse ku ntambwe ya nyuma”.
Perezida Donald Trump wa Amerika, ari na we yafashe iya mbere muri utu twigoro tw’ibiganiro mu ntumbero yo kurangiza iyi ntambara, abandanya yerekana ko arambiwe no kubona izi mpande zompi zitarashika ku mwumvikano.
Mu gihe ku wa kabiri w’indwi iza imyaka ine izoba irumanye Uburusiya butanguje iyi ntambara kuri Ukraine, haracariho itandukaniro rikomeye hagati y’ivyo Moscou (ubutegetsi bw’Uburusiya) isaba n’ivyo Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine) ibona ko vyoba ari vyo bibereye kugira ngo habe “amahoro nyayo”.